5. Tegura ijambo ryawe uzoshikiriza
Ni gute ubwira abo utumbereye (cible) ivyerekeye ikangurashaka ryawe?
- Uku nikwo ubigenza kugira umenye neza kw’abo utumbereye (Cible) babona umukenyuro wawe. Kenshi bizosaba ko uhura n’abo utumbereye (Cible) amaso mu yandi kugira usigure ingorane n’ico wipfuza ko bayikorako. Nk’akarorero , abantu 500 barateye igikumu ku cipfuzo cawe co kurwanya umucafu uri mu kirere. Ubu rero ukeneye guca kurondera umubonano n’uwo utumbereye (cible), akarorero: Umukuru w’igisagara kugira umwereke ico cipfuzo. Mu gihe muhuye n’uwo muntu utumbereye (cible) ukoreshe urupfasoni no kwubaha kuko nivyo vyongereza amahirwe yuko akwumviriza.
- Andika ukwo uzoshikira uwo muntu utumbereye (cible). Batakwumvirije ubwa mbere, urashobora kugerageza uwundi mukenyuro. Ng’aha hariho iyindi mikenyuro kugira ushobore gukora ku mutima w’uwo muntu utumbereye (cible).
• Mugendere mu biro vyiwe uri kumwe n’abantu 2-4 bagushigikiye (turabisubiyemwo, wifate rupfasoni ).
• Mwereke itangazo riri mu kinyamakuru canke mw’iradiyo ashobora kuba yosoma canke yokwumviriza.
• Andika iciyumviro cawe mu kinyamakuru uwo muntu utumbereye (cible) ashobora kuba asoma.
• Shira ku rubuga ngurukanabumenyi ubutumwa bwerekeye iryo kangurashaka ryawe.