7. Suzuma igikorwa cawe
Subira inyuma wihweze ibintu vyose wanditse. Ubu rero wategerezwa kuba ufise :
- IHANGIRO rigaragara, ritomoye neza
- UMUNTU UTUMBEREYE atagukekeranya, mu buryo butomoye
- Umurwi 1 canke 2 y’ abantu BAGUSHIGIKIYE n’ukuntu uzobashikira
- IMIKENYURO 1-3
- Uburyo bwo GUSHIKIRIZA isekeza ryawe/butumwa bwawe uwo/abo urigeneye
- Urutonde rw’ abantu bishoboka ko MUKORANA bashobora kugufasha
Turagukeje! Uru nirwo rutonde w’ ikangurashaka ryawe (plan de campagne).
Urashobora kuryohora uru rutonde ufatiye ku vyo umaze kwiga (nk’akarorero, kwongerako imikenyuro mishasha n’abo mukorana benshi), ariko amakangurashaka yose akurikiza urutonde rusa n’uru. Gukora ikangurashaka/isekeza (faire champagne) ni ubuhinga ushobora gukoresha ku ngorane iyo ariyo yose, kandi ubu rero kubera uzi gukora Ikangurashaka rimwe, urashobora gutunganya n’ayandi. Ariko imbere y’ivyo, gerageza ukore iri (kangurashaka).