AMATEGEKO N’AMASEZERANO
Ni gute dushobora gukora ku buryo leta n’amashirahamwe y’urudadanzwa ashira mu ngiro umuti twipfuza ko yoshira mu ngiro ? Inyishu ni ugushiraho amategeko. Guhindura leta zo kw’isi gushiraho amategeko agabanya ivyuka bihumanya ikirere, hamwe na Leta zo mu gihugu gushiraho amategeko adufasha kubana n’ingaruka. Amategeko n’amasezerano afasha ibihugu kwumvikana ku buryo bwo kugabanya ivyuka vya karubone atawuzimye/atawugunze uwundi no kwongereza ingingo zo kubana n’ihindagurika ry’ibihe.
Isezerano rikomeye muri ayo masezerano yose ni Amasezerano y’Ishirahamwe mpuzamakungu (ONU) ku bijanye n’Ihindagurika ry’Ibihe (Convention-cadre des Nations Unies sur les changements climatiques ou CCNUCC). Ushobora kuba umaze kwumva ikintu citwa Amasezerano y'i Paris (Accord de Paris) . Mu mwaka wa 2015, inyuma y’imyaka myinshi y’ibiganiro, ibihugu vyaremeranije kugabanya ivyuka. Yamara, ivyo vyavyiyemeje ku kugushaka, ibihugu ubu bitegerezwa kubishira mu mategeko abigenga iwavyo, kandi bikaba vyiza kurusha igihe vyokwemera kurushirizaho kugabanya ivyuka bihumanya ikirere mu gihe c’ibiganiro vyimirije vyo mu 2021.