Tide Turners-02.png

Itanguriro

Ivyerekeye "ikibazo c'amapulasitike"

Iki kibazo cisunze “Umugambi wo guhangana n’irwirirana ry’ amapulasitike” (the "Plastic Tide Turners Challenge") washizweho n’Umuhari w’Abasuguti ku rwego rw’isi ufatanije n’Umugambi ujejwe ibidukikije w‘Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU. Kugira wemererwe kugiramwo uruhara, shira umukono kuri urwo rwandiko rwo kwiyemeza kurijamwo, uce usubira urangure ibikorwa bijanye nivyo wiyemeje, ivy’i muhira n’ivyo mu kibano.

Kuki ikoreshwa ry’ amapulasitike ritera ingorane?

Soma kugira umenye ukwo amapulasitike yonona iyi si yacu. Mu mpera z’iki gisomwa, uraza kumenya uburyo butandatu amapulasitike yonona hanyuma uce uba uwiteguriye kugira uruhara mu bikorwa vyo kurwanya ikoreshwa ry’amapulasitike!

Tide Turners-05.png

Uburyo 6 pulasitike zonona isi

  1. Zirabangamira ibinyabuzima biba mu bibiyaga/canke mu nzuzi : Ibikoko vyinshi biba mu mazi biramira ibintu bikozwe mu ma pulasitike canke bikagwa mu mitegoy’ayo maplastique, bigafatwa muri ayo maplastique bigaca bipfa. Hafi imiriyaridi 11.1 y'ibikoresho vya pulasitike vyiziritse mu makorali (récifs coralliens) yo mu biyaga - bikabuza umwuka ogisijeni n'umuco bigaca birekura ubumara bwica. Guhumanya imigezi bigabanya igitigiri c’amafi mu kiyaga, ivyo bigaca bituma amafi dufungura agabanuka .
  2. Kwonona agataka kacu: Pulasitike irafise ingaruka mbi kur‘iyi si. Pulasitike yo mw’iyarara isohora ubumara bukaja mu gataka no mu mazi, bigaheza bikagira ingaruka mbi ku magara y'agataka, ku biterwa, ndetse n’ibinyabuzima biba mu gataka bifasha ibidukikije, nk'imisiba. Iyo yinjiye mu gataka, pulasitike itugarukako iciye mu birimwa dufungura. Ndetse birazwi ko n’inka zihora zirya imifuko ya pulasitike (ubumwanya). Mu mararo y’inka i Nairobi basanze hari ubumwanya 20 mu nda y’inka imwe imwe yose . Ntabwo ari vyiza haba ku nka canke ku bantu barya inyama z'inka canke banywa amata y'inka.
  3. Kugira uruhara mw’ihindagurika ry’ikirere: Ego,pulasitike iri mu mvo z’ihindagurika ry’ikirere n’ibihe. Pulasitike ikozwe muri peteroli kandi ibidandazwa biva muri pulasitike bingana na 8 kw’ijana vy’umwimbu wa peteroli kw’isi. Ibi biharuro abahinga bategekanya ko bizoshika kuri 20 kw’ijana mu 2050. Gucukura peteroli no kuyihinguramwo pulasitike birekura imyuka ihumanya ikirere n’bidukikije, bigateza ubushuhe bw’isi gutyo bikagira uruhara mw’ ihindagurika ry’ikirere. Kandi niyo iba yicaye gusa mu mazi y’ibiyaga no ku zuba, pulasitike irekura imyuka yonona ikirere. Nubwo habaye gushiramwo inguvu mu kubuza imifuko ya pulasitike, haracariho imifuko myinshi mitoyi ya pulasitike ikoreshwa rimwe gusa.
  4. Gutera imyuzurira (innondations): Wari uzi ko imicafu ya pulasitike ishobora gutuma haba imyuzurira mu bisagara? Ingorane nukwo, pulasitike izibira inzira z’amazi, ikaba ari yo mpamvu nyamukuru itera umwuzurira wo mu bisagara mu bice vyinshi vy'igihugu nka Gatumba na Kanyosha.
  5. Kudutera indwara : Iyo imifuko ya pulasitike yugaye imigende n’imiringoti icamwo imyanda (systèmes d'égouts), inkurikizi nukwo amazi aca atega bigaca bimera nk’iyororero ry’imibu n’utundi dukoko duteza ingwara. Iyi ngorane ishobora gutuma malariya yikwiragiza, co kimwe n’izindi ndwara ziterwa n’imigera. Mu 2021, kuva ku wa 12 Kigarama, mu Burundi hagaragaye indwara ya malariya ku bantu bashika imiliyoni 5.7, ku benegihugu bose hamwe bangana imiliyoni 12.6. Ibi vyerekana ko abafatwa niyo ndwara biyongereye ibice 30 kw’ijana, kuko muri ico kiringo nyene co muri 2020, hari hafashwe hafi imiliyoni 4.4. Abagore bibungeze hamwe n’abana bari munsi y’imyaka 5 nibo basinzikaye cane
  6. Birazimvye cane gusukura ahatawe umwanda w’amapulastike: Nta mafaranga yategekanijwe yo gukoresha mu gusukura no gutunganywa imyanda ya pulasitike, gusukura amabarabara, kwubaka no gufata neza imihora ijana amazi. Pulasitike nayo igira ingaruka mu butunzi bwacu mu bundi buryo, nk’akarorero nko guca intege ingenzi. Ninde yohurumbira kuja kuratira ijisho ahantu huzuye imyanda ya pulasitike?
Ahakurikira