Inyifato nziza zodufasha kugabanya ikoreshwa ry’amapulasitike
Ni ubuhe buryo ushobora kugabanya gukoresha pulasitike?
- Hagarika gukoresha imikenke ya pulasitike. Nimba utegerezwa canke ugomba gukoresha imikenke, koresha ikozwe mu mpapuro canke mu cuma kitagira ingese.
- Koresha imifuko ikozwe mu bintu bishobora gusubira gukoreshwa. Gura canke ukore isaho ikozwe mu mpuzu kugira ngo utwaremwo ibifungurwa vyawe uvuye gusuma. Urimesure kenshi.
- Koresha icupa canke igikombe gishobora gusubira gukoreshwa mu kwihereza ibinyobwa vyawe. Irinde gukoresha amacupa ya pulasitike mu gihe ubishoboye, witwaze igikombe c’itasi, ule uragikoresha kenshi uko ubikeneye.
- Subira ukoreshe (Koresha kenshi) ibikoresho utwaramwo canke ubikamwo ibintu (récipients) . Subira ukoreshe ivyo bikoresho (konteneri), wongere uje uragura ibidadanzwa bitekewe mu bikarito, aho gukoresha ibitekewe muri pulasitike.
- Kwumvikanisha ijwi ryawe. Bwira abandi bantu ububi bwa pulasitike, umuryango, incuti ndetse n’abayobozi ba politike (abategetsi).