Ibikorwa vy'i muhira
Menya vyinshi ku vyerekeye ingaruka mbi za pulasitike biciye muri ibi bikorwa vy’ imuhira.
Udufundikizo tw’amacupa y’amabara menshi
Imifundikizo y’amacupa akozwe muri pulasitike tuyasanga ari mu mabara n’ubunini binyuranye (y’uburyo bwinshi). Iyo mifundikizo irashobora gukoreshwa mw’iremabushasha ry’ukuryohora n’utugenegene mwokora hamwe n’abagenzi bawe.
- Rondera ukwo woronka ikibaho c’agakarito (morceau de carton)
- Gerageza ushire igicapo kur’ako gakarito. Barashobora gutondeka udufuniko tw’amacupa mu buryo bukikuje ico gicapo hanyuma bagaca baduhomeka kur’iyo karito. Urashobora gukoresha amakaramu yandika ibabara binini (marqueurs) kugira ngo uturimwo twose tuboneke neza ido n’ido.
- Erekana ako kantu wahinguye, ubigirane ka gahimbare karanga umuntu yakoze ikintu gishemeye.
Ubuhinga bwo gusubira gukoresha ivyari vyaramaze gukoreshwa (vyari bigenewe gutabwa)
Menya ingabirano y’iremabushasha riri muri wewe! Egeranya amapulasitike yose ushoboye hanyuma ugerageze kuyakuramwo utuntu duhinguye n’utugenegene. Wozihoma ahantu ugasanga washushanije utuntu duhimbaye duteye igomwe (collage sympa)? Imigufu canke imiringa? Raba nawe ivyo vyiyumvirobitera kwiyumvira no guhingura utuntu dushasha!
Amasaho/amasashe (akozwe mu mpuzu) ashobora gukoreshwa kenshi
Egeranya ibiseke vyawe, imifuko ishobora kubora canke kunywaguka (biodegradables) canke vyene vya bipapuro bakoresha mu gutekera ibintu (papier d’emballage) hanyuma ushire icapa (itangazo canke aga pancarte) ku mwango w’imbere kugira ngo wibutse abantu kwiha/guhitana imifuko mu gihe co gusuma bayikoreshe. Nimba udafise igikapu gikozwe mu mpuzu, urashobora gukurikiza izo ntambwe weretswe kugira ngo ukore umufuko w’impuzu ukoresheje udupira twashaje.