Akarorero ku vyashitse canke bishobora gushika ku bijanye n’ikibazo c’ukwigumira mu mutekano
Lloyd yarakoze cane mu gutegura ibibazo yarimwo kw’ishule, kandi agumana umutima uhagaze ku bijanye n’amanota azoronka. Arara ahagaze imisi yose, ariko ariga. Ariko biramugora kwiga neza atakimukomakoma imuhira, kuko abavyeyi biwe bama bariko barashihana, barwana. Aramaze kugeza kuja hagati (kubabanguranya), ariko sewiwe yaciye amukubita. Lloyd ntawe afise abiyagira, none umutima uri imutwe, atinya ko se wiwe azohava agirira nabi nyina wiwe. Ubu rero Lloyd yaratanguye kunywa inzoga yiha kuza se wiwe : ako kayoga karamuhindurira ivyiyumviro, kakamufasha kwisanzura. Ntabigira imisi yose, atari gusa igihe yumva ashaka guhindura ivyiyumviro n’ukwitekanya.