Phys Health at School.png

Utumenyero twiza tujanye n'amagara meza kw'ishule

<Ceci est un commentaire caché. Veuillez noter que cette page nécessite une localisation importante pour répondre au contexte et au régime alimentaire de votre pays. NE PAS publier cet article sans en avoir préalablement modifié le contenu.

--->

Ugufata imfungurwa zo mu gitondo zibereye zijanye n’amagara meza, hanyuma ugategura ugatekera imfungurwa zo ku murango zibereye, nibwo buryo bwa mere nyabwo bwo kumenya ko uza kwirirwa ufise inguvu zikwiye zo kwiga neza umusi wose uza kuba urimwo imirimo myinshi. Birashobora gushika yuko wifuza gifata imfungurwa zo ku murango muri cantine y’ishule (« cantine scolaire »). Nivyiza kumenya imfungurwa n’ibinyobwa vyo muri cantine y’ishule bibereye bijanye n’amagara meza kugira ngo ushobore guhitamwo neza ibintu ngirakamaro ku magara yawe.

Ugucagura imfungurwa zibereye muri cantine y’ishule

Ngibi ibishoboka n’ivyiyumviro ku mfungurwa zibereye muri cantine y’ishule. Cagura isambusa imwe, agakate kamwe canke agakate k’agakerepe gakozwe mu bwoko bwinshi bw’intete (wrap multigrains et complet). Ivyo wobifatana n’isalade n’inyama z’inkoko canke z’inka zitarimwo ibinure vyinshi, ifi, amagi canke utugalette tw’inkore (galettes de lentilles). Ngizi ingaburo zimwe zimwe zigizwe n’imfungurwa zishushe kandi zijanye n’amagara meza:

  • Isupu nshasha hamwe n’isambusa zirimwo ivya nkenerwa vyose (samossas complets)
  • Ibiharage, inkore canke intete z’ibigori bitetse, vyakataguriwemwo ivoka
  • Imboga zirimwo ikinzari (curry), inyama z’inkoko canke z’inka, bikajana n’umuceri
  • Ugali/nsima hamwe n’amashu akataguye canke aseye, hamwe n’amagi atetse avungaguye (oeufs brouillés)

Wifuza gufata akavunamusase canke utwo kugarura amate (collation) muri cantine y’ishule,, hitamwo muri ibi bikurikira :

  • Uruvange rw’ivyamwa (salades de fruits) canke ivyamwa vyuzuye bidakataguye
  • Amata y’urubu (yaourt) atarimwo ibinure vyinshi, hamwe n’ivyamwa
  • Intete z’ubwoko bumwe bw’ibigori bikaranze (pop-corn soufflé) (zitatetswe mu mavuta)
  • Udukoni tw’imboga (bâtonnets de légumes), amagi atetse mu mazi
  • Umukate urimwo utwamwa canke ama raisins.

Nivyiza gutekera icupa ry’amazi yo mw’irobine uza gushobora kunywa ugasubira ukavoma ayandi ukuzuza uko ushaka kuri uyo musi wose w’ishule. Biguma arivyo bibereye bijanye n’amagara meza kurusha ukugura ibinyobwa muri cantine y’ishule. Wifuza kugura ikinyobwa muri cantine, hitamwo amazi, amata atarimwo ibinure vyisnhi (lait écrémé), canke ibinyobwa bikozwe muri soya.

Imfungurwa n’ibinyobwa bitabereye (bitajanye n’amagara meza) vyo muri cantine y’ishule

Harya birya bifungurwa umuntu asanga yikozeko mu bihe bimwe bimwe ( aliments "occasionnels") usanga ari indya zirimwo isukari nyinshi, co kimwe n’ibinure bikaze/biremereye n’umunyu nyene. Nivyo usanga biri ku rutonde rw’ibishobora kugurwa no gufungurirwa kuri cantine y’ishule. Izo mfungurwa si nziza ku magara. Zirashobora gutuma ugarukana ingonga zimara mwanya muto, hanyuma ugasanga ahubwo zatumye wirirwa urushe wakenyukiwe mu gice gisigaye c’umusi. Zishobora no gutuma utangura kuvyibuha cane mu buryo buteye kubiri n’amagara meza igihe wovyihereza ari vyinshi cane canke kenshi.

  • Imfungurwa zose zikaranze mu mavuta, harimwo n’amafiriti nyene, amakorokete (croquettes) y’inkoko (nuggets de poulet) n’amabulete y’inyama yitwa dim sims
  • Udukate dushushe turyoshe (pâtisseries)vnk’amandazi, udukate turimwo saucisses, amatarte, amagato, ibitumbura, amashokola n’utundi nkutwo turimwo isukari nyinshi
  • Ama sirops, amazi yamoteshejwe neza yashizwemwo utuyaryosha (eau aromatisée), amazi agenewe abariko barinonora imitsi (eaux de sport, boissons pour sportifs), ibinyobwa « ntanganguvu », amata ahinguye yongewemwo ibiyaryohesha biyamotesha (laits aromatisés), umutobe w’ivyamwa (jus de fruit)
  • Ibinyobwa birimwo ikawa - moka, latte, cappuccino, n’ibindi. – hamwe n’ibinyobwa vy’amata vyahimguwe mu kamoto no mu buryohe hakoreshejwe agakawa (boissons lactées aromatisées au café).
Ahakurikira