Amagara y'umubiri n'iki?
Wumvise « amagara y’umubiri », haba hariko havurwa ukumererwa neza kw’umubiri.
Twobungabunga gute amagara y’umubiri?
Imibereho myiza irashobora kugufasha kubungabunga amagara yawe y’umubiri. Imibereho myiza, ibereye, ni ukugira ibintu bituma umubiri wawe umererwa neza, nk’ingaburo ibereye, ukwinonora imitsi, kuja kwa muganga kenshi uko bibereye kugira ngo wame wiipimisha uko amagara yawe yifashe, hamwe no kwama ufata umwanya ukwiye wo gusinzira.
Abantu bafise imibereho myiza barashobora kwumva bamerewe neza, bakagumana uburemere (ibiro) bubereye (bukwiye butari ikirenga, bujanye n’amagara meza), no kugira ingoga nyinshi nkenerwa ku mirimo no mu bijanye n’ukwinezereza (loisirs). Imibereho myiza irashobora kugabanya urugero rwo guhanamirwa n’indwara zidakira (ziguma zigaruka) zihambaye nk’iy’umuvuduko w’ikirenga w’amaraso, indwara z’umutima, n’indwara y’igisukari. . Kurikiza intambwe zikurikira kugira ushobore gukomeza amagara yawe y’umubiri.
Guma ufata ingaburo ibereye
Imfungurwa, nico « gitoro » umubiri wacu ukeneye kugira uronke inguvu (ingoga).
Ingaburo nziza, ibereye, igizwe n’imfungurwa zirimwo indemamubiri (proteines), insanganyangaburo (vitamines), n’ivyunyunyu umubiri ukeneye (minéraux). Ivyo bigizwe n’ivyamwa, imboga, ibinyantete, amata, ibiyakozwemwo, n’indya zirimwo indemamubiri.
Ingaburo ibereye idufasha gucungera uburemere (ibilo) bwacu, kugabanya ivyobangamira umutima wacu n’igitigu, kugabanya umurindi w’ubusaza, kwongereza uburyo turonka agatiro gatuma turuhuka, no gufasha ubwonko bwacu gukora neza.
Guma ugira imyimenyerezo
Kugira imyimenyerezo y’umubiri ni ukuraba ko umubiri utaguma wicaye. Woguma winonora imitsi, canke ukagenda n’amaguru ; niba bituma ukoresha inguvu nyinshi kurusha igihe woba wagumye wicaye canke uryamye, muri ico gihe uzoba uriko uragira imyimenyerezo y’umubiri ngirakamaro. Mu mibereho ibereye amagara meza, imyimenyerezo y’umubiri (activité physique) ntiyigera ihara. Kugira imyimenyerezo y’umubiri ntibisaba kurinda gushika ku kibuga gukina umupira w’amaguru canke mu nzu bagiriramwo imyimenyerezo yo kwinonora imitsi (gymnase). Imyimenyerezo y’umubiri ishobora kugirwa n’ibi bikurikira:
- Imyimenyerezo yo kunonora umubiri yogirwa imisi yose : Kugenda n’amaguru, kugendera kw’ikinga, ugukora udukorwa tunyuranye two mu rugo, ukwoga, ugukora udukorwa two kurima no kubungabunga akarima k’umuryango canke urupangu, ukuja ahakenewe hose nko kuja gusuma n’ukugura utuntu n’utundi (courses) canke ibikorwa bikoreshwa iminwe, ivyo vyose ni ibintu vyiza cane bituma umuntu agira imibereho ibereye, irangwa n’amagara meza.
- Ibikorwa binonora umubiri bikongera bikaba ivyo kwinezereza (récréatives) : ugutamba, ugukina n’abana udukino dutuma mutaguma hamwe, kuduga (ingazi…), ugutembera ahasaba urugendo rutari ruto (randonnées). ukugendera kw’ikinga, canke gusimba umugozi, kuvyerekeye ivyo kwinezereza.
- Ukwinonora imitsi n’imyimenyerezo (sports et exercices) : imyimenyerezo y’umubiri ikorerwa imuhira, mu nzu zabigenewe (salles de sport) canke mu bihe vy’icirwa c’iyo myimenyerezo, kugira imyimenyerezo y’umubiri ijanye no guhema neza (aérobic), kugira yoga, ibikorwa n’imyimenyerezo yo gukomeza imitsi (renforcement musculaire), ukwoga, n’iyindi myimenyerezo yo kunonora imitsi (sports).