Uburyo bwo gutandukanya imvyaro n’udukingirizo
Kwirinda gusama imbanyi itipfujwe n'ingwara zifatira mu bihimba vy’irondoka, harimwo n’umugera wa SIDA, bisigura ko ushobora kuruhuka ukaryohererwa imibonano mpuzabitsina, ata mpungenge! Hariho ivyizerwa vyinshi bitari ukuri ku bijanye n'uburyo bwo gutandukanya imvyaro n'ugutwara inda - gukora imibonano mpuzabitsina muhagaze canke kwoza ibihimba vy’irondoka vyawe n'indimu ntibibuza gutwara inda canke kwandura ingwara zifatira mu bihimba vy’irondoka. Banza urabe neza ko ufise uburyo bwo gutandukanya imvyaro imbere yo gukora imibonano mpuzabitsina.
Uburyo bwo gutandukanya imvyaro n’udukingirizo
Hitamwo uburyo bwiza bwo gutandukanya imvyaro ku wewe no ku mugenzi – Bumwe bwose bufise ingaruka nziza n’ingaruka mbi.
- Udukingirizo dufasha kwirinda mu buryo bubiri : kwirinda gutwara inda no kugwara ingwara zifatira mu bihimba vy’irondoka nk’umugera wa SIDA. Hari ubwoko bubiri bw’udukingirizo : utwambarwa n’abagabo hamwe n’utwambarwa n’abagore. Utwambarwa n’abagore batwita “femidoms”.
- Udukingirizo tw’abagabo turoroshe kuboneka – ushobora kutugurira mu maduka asanzwe, canke aho badandaza imiti canke mu mavuriro n’ibitaro ku buntu .
- Ubundi buryo bwo gutandukanya imvyaro bubuza gutwara inda gusa, rimwe rimwe babwita kuvyara ku rugero. Kuvyara ku rugero ni uburyo bwo gutandukanya imvyaro bwagenewe abagore gusa. Uburyo bumwe bumara amezi (ak: inshinge zo gutandukanya imvyaro, akanyuzi), ubundi nabwo bumara ku musi (ak: ibinini).
- Nimba wari waranguye imibonano mpuzabitsina udakoresheje uburyo bwo gutandukana imvyaro, hari uburyo bwihuse (bakunda kwita igitondo inyuma y’ibinini) bushobora gufatwa inyuma y’imibonano mpuzabitsina hatakoreshejwe uburyo bwo gutandukanya imvyaro. Bukwiye gufatwa ningoga mu masaha 72 canke 120 bivanye n’ubwoko bw’ivyo binini.
- Genda mw’ivuriro uhabwe impanuro zo gutandukanya imvyaro. Ntiwizere imiti yakorewe i muhira. Ntikora.
Imyaka yo kwemera
Nimba uri musi y’imyaka yo kwemera (imyaka urekuriwe kurangura imibonano mpuzabitsina), urakeneye uruhusha rw’umuvyeyi canke umurezi wawe kugira ukoreshe uburyo bwo gutandukanya imvyaro. Nimba uranguye imibonano mpuzabitsina utarakwiza imyaka yo kwemera, hashobora kuba hari amategeko asigura ko umwe muri mwebwe canke mwese mukoze icaha mu kurangura imibonano mpuzabitsina; raba neza ko myiyumviriye ku ngaruka. Niwige vyinshi ku bijanye n’uburyo bwiza kandi bukingiwe bwo kurangura imibonano mpuzabitsina.
Indwara zifatira mu bihimba vy’irondoka
Gukoresha udukingirizo bibuza kwandura ingwara zifatira mu bihimba vy’irondoka harimwo n’umugera wa SIDA. Ingwara nyisnhi zifatira mu bihimba vy’irondoka ntizifise ibimenyetso, rero mu gihe murangura imibonano mpuzabitsina, ni vyiza gukoresha udukingirizo no kwama kuja kwipimisha. Nimba ufise ibimenyetso, bishobora kubabaza kandi ntivyijana. Nimba ibintu bitameze neza, birahambaye ko uja kwipimisha. Nyinshi mu ngwara zifatira mu bihimba vy’irondoka zirashobora kuvurwa zigakira ukurikije kare impanuro kandi ivyo bikorwa bikorwa mw’ibanga. Nimba ufise umpungenge ko woba wasamye imbanyi canke wanduye ingwara ifatira mu bihimba vy’irondoka, birahambaye ko uja kwa muganga wihuse. Birashoboka k’uwuvyipfuza wese kandi ugipimwa, uravurwa hanyuma ukiyumvira kucokorwa igihe woba wibungenze. Ntibigutere isoni – ibuka ko abaganga bama babona ibintu nk’ivyo igihe cose. N’igikorwa cabo co kugufata neza ata rubanza baguciriye bakagufasha kwikingira no kuvura ingwara zifatira mu bihimba vy’irondoka..
Ugomba kumenya vyinshi ku bijanye n’ugusama imbanyi, raba ku rupapuro rwacu ugusama imbanyi