Uwu woba ari umwumvikano?
Akarorero: Garase na Asaf bamaze amezi barangura imibonano mpuzabitsina. Umugoroba umwe, bariko barayambirana mu ntebe, Asaf aca atangura gukura impuzu Garase. Garase aramubwira y’uko yumva adashaka ko bahuza ibitsina ariko abandanya kumukura impuzu, avuga ko azi neza ko aza kumuhinduza ivyiyumviro. Garase arasubira kumusaba ahagarike ariko aramubwira ko nimba amukunda vy’ukuri yari gushaka ko bahuza ibitsina. Bararanguye amabanga mpuzabitsina ariko Garase ntiyabiryoherewe.