101 Image

Ubutinyanka 101

Ubutinyanka, ukuja mu kwezi canke imihango ni iki?

Ukuja mu butinyanka ni ibintu bijanye na kamere k’umubiri w’umukenyezi, binamutuma ashobora gusama imbanyi akaronka ibibondo. Mu kiringo c’ubutinyanka, amaraso yo mu gitereko araca mu gihimba ndangagitsina gore akava mu mubiri. Ukuja mu butinyanka ni ibintu bisanzwe, bijanye na kamere k’umukenyezi, kandi binaranga amagara meza !

Ni kuki abakobwa baja mu butinyanka?

Ubutinyanka ni kimwe mu biranga akamere n’imikorere vy’ibihimba bigenga irondoka. Ibihimba bigenga irondoka bigizwe n’ibice vy’umubiri bituma abantu bashobora kuronka ibibondo.

Igihe cose habaye ubutinyanka, uruhu rw’igitereko ruritegurira kwakira akabuto gore (ovule) kamaze guhura n’akabuto gabo, mu buryo bwo kwiyagura kubera amaraso n’utundi duhimba (tissus). Igihe hari akabuto gore (ovule) kahuye n’akauto gabo (spermatozoide), ako kabuto gore gaca kigumira muri ico gitereko, kagacika ikibondo. Ariko rero, igihe ata kabuto gore kahuye n’akabuto gabo (fecondation), twa duhimba (muqueuse) duca twisohokera duciye mu gihimba ndangagitsina gore.

Niryari nzotangura kuja mu butinyanka?

Abigeme batangura kuja mu butinyanka muri rusangi bashikanye imyaka iri hagati y’icenda na cumi n’itanu, hafi y’imyaka ibiri ikurikira aho bataanguriye gusonga amabere.

Muri rusangi, ivyo kuja mu butinyanka ku bakenyezi bihagarara bamaze imyaka iri hagati ya 45 na 55.

Mbe yemwe ntakaza amaraso angana iki?

Ubiravye wokwiyumvira ko ari menshi, ariko muvy’ukuri, ntarenga ayokwuzura ibiyiko bitatu nka birya bikoreshwa mu gufungura (mu kunywa isupu canke umusururu). Benshi mu bigeme n’abagore basohora amaraso menshi bakija mu butinyanka, agaca agenda agabanuka uko imisi igenda, ikiringo c’imihango kigahera hasigaye haza make cane.

Bizogenda gute igihe noba ntibangikanije ibikoresho vy’isuku, kandi ntari hafi y’imuhira?

Igihe ata mwigisha canke umugenzi wawe yoba ashobora kugufasha, raba uzinge agatambara canke rurya rupapuro rukoreshwa mu tuzu twa surwumwe, maze wikorere agakoresho k’isuku woshira munsi y’ikaleso kakamara umwanya kagufasha. Ntivyomara umwanya muremure, ariko bishobora kugufasha gushika aho ushikira ahari ibikoresho nyavyo bibereye.

Hari uwuzomenya ko ndi mu butinyanka?

Haba namba. Atari wewe nyene ufashe ingingo yo kuvyivugira, ntanumwe azobica n’ikanda, kuko nta kimenyetso na kimwe co kuba mu butinyanka kibonwa n’abandi (cibonekeza). Ariko rero, niba ari ubwa mbere uja mu butinyanka ukaba ukeneye uwogufasha, vyoba vyiza ubibwiye umuryango canke umugenzi.

Nzomara ikiringo kingana iki mu butinyanka?

Ikiringo umuntu amara mu butinyanka, muri rusangi kiri hagati y’imisi ibiri n’imisi indwi, ariko birashobora gushika yuko iyo misi irenga.

Mbega, ndi mu butinyanka ndashobora kuja kw’ishule, nkongera nkabandanya ivyo kwinonora imitsi (sport)?

Egoo ! Ntacotuma usiba kw’ishule canke uhagarika ivyo kwinonora imitsi wari umenyereye. Ico utokwibagira, ni ukwibangikanya ibikoresho vy’isuku (produits hygieniques) kugira ngo uvyikoreko igihe vyoba ngombwa ko uhindura utwo wagiye wambariyeko mu gihe uzoba ukiri kw’ishule.

Mbega ko ntaratangura kuja mu butinyanka ! Nokora iki?

Twese ntitumeze kumwe, imibiri yacu ntikura ku murindi umwe. Ntacotuma ugira umutima uhagaze. Ubiyagiye umwigisha, vyogufasha gutegera igituma bimeze nkuko. Aho wokwiyumvira kuja kuraba umuganga gusa, ni igihe wobona urengeje imyaka 16 utaratangura kuja mu butinyanka, canke iyo igihe wari umenyereye kumara mu butinyanka gishitse ku misi 7 canke iyirenga, canke igihe woja mu butinyanka hanyuma ukaja ubona birahagaze giturumbuka ata nsiguro.

Mbega udukoresho tw’isuku ukoresha rimwe ugaca uta, n’udukozwe mu dutambara tw’impuzu, bitaniye he?

Utwo twambere badukoresha rimwe bagaca bata, ariko turya dukoze mu gitambara c’impuzu ushobora kudukoresha hanyuma ukatumesa neza ugaca usubira ukadukoresha tumaze kwumuka.

Mbe yemwe ningombwa ko nja kuraba umuganga igihe ntanguye kuja mu butinyanka?

Oya namba. Ukuja mu butinyanka ni ibintu bisanzwe vyanditse muri kamere y’umubiri w’umukenyezi.

Sinja mu butinyanka rimwe ku kwezi nkabandi bigeme. Nokora iki?

Igitigiri c’imisi ica hagati y’ibiringo vyawe vyo kuja mu butinyanka kirashobora guhinduka , na cane cane mu bihe bikurikira aho watanguriye kuja mu butinyanka ubwa mbere. Ni ibintu bisanzwe kandi bijanye n’amagara meza. Niba ushobora kuja ku murongo ngurukanabumenyi ukaba ufise n’itelefone ya smartphone (ishobora gukoreshwa mu kuja ku ngurukanabumenyi), urashobora gukurikirana ibiringo vyawe vyo kuja mu butinyanka no kwiga kubitegekanya, ukoresheje iporogarama (application) yitwa OKY.

Ahaheruka Ahakurikira