Ni ukubera iki mva canke nta amaraso?
Ukuja mu kwezi, banita kuja mu butinyanka canke mu mihango (menstruations), ni ibintu bisanzwe muri kamere y’umubiri w’umukenyezi. Bishika hafi uko ukwezi gutashe ku bigeme n’abagore bashika umuliyaridi n’imiliyoni amajana umunani (1,8 milliard) bo kw’isi nzima. Benshi mu bigeme batangura kuja mu butinyanka bashikanye hagati y’imyaka 10 na 15 y’amavuka.
Mu gihe c’ubutinyanka, hari amaraso makeyi ava mu gihimba ndangagitsina gore mu gihe c’imisi iri nko hagati y’imisi itatu n’indwi. Ayo maraso ava mu gitereko cawe. Igihe ugiye mu butinyanka ubwa mbere, ni ukuvuga ko ibihimba vyawe bijanye n’ukurondoka (organes reproducteurs) biba bigeze mu bigero, bigeze gukora ico vyaremewe, ni ukuvuga ko ushobora gusama imbanyi (igihe wogira imibonano mpuzabitsina). Ku neza y’amagara y’abavyeyi n’ibibondo vyabo, vyiza nuko kwoba ukurindira ko umukenyezi gakura agashika mu bigero koko imbere yuko aronka abana.
Naho ushobora gusanga biteye ubwoba mu ntango, kandi ukaba utegerezwa kubicamwo uko ukwezi gutashe, ni ngombwa ko ugumiza ku muzirikanyi ko ukuja mu butinyanka ari ikimenyetso cuko ufise amagara meza, nuko umubiri wawe utera imbere mu buryo bubereye.