Natanguye kuja mu butinyanka ! Mbe none nkora iki?
Ni ubwa mbere nja mu butinyanka, none sinzi ibizonshikira/ibizokurikira. Nokora iki mu gihe ca mbere (nohera kuki) ?
Ugutangura kuja mu butinyanka vyerekana intambwe nshasha mw’iterambere risanzwe ry’umubiri wawe, kandi rijanye na kamere k’umubiri wa zina mukenyezi, none ko atacotuma na gato ugira umutima uhagaze. Kubera ko wewe aribwo bwa mbere, ehe egera umuvyeyi, musazawe canke mwenewanyu agukurira, umugenzi canke umwigisha wizeye. Bazogufasha gushobora kuronka ibikenewe kumenywa, n’ibikoresho vy’isuku ukenera.
Ugutangura kuja mu butinyanka vyerekana intambwe nshasha mw’iterambere risanzwe ry’umubiri wawe, kandi rijanye na kamere k’umubiri wa zina mukenyezi, none ko atacotuma na gato ugira umutima uhagaze. Kubera ko wewe aribwo bwa mbere, ehe egera umuvyeyi, musazawe canke mwenewanyu agukurira, umugenzi canke umwigisha wizeye. Bazogufasha gushobora kuronka ibikenewe kumenywa, n’ibikoresho vy’isuku (produits sanitaires) ukenera.
Noshobora kugumana isuku gute mu bihe nzoba ndi mu butinyanka?
Ukuja mu butinyanka bishobora gutuma uzazanirwa, cane cane iyo bishitse utari uvyiteze na gato! Ariko rero ntiwigere wibagira ko ari ibintu bisanzwe, biri muri kamere k’abakenyezi. Gusa, gumana isuku kandi ntuje kwiyumvira ibintu birebire nkuko vyoba ari ibintu bidasanzwe:
- Oza igice co hanze c’igihimba ndangagitsina gore cawe (n’amatako yawe niba hagiyeko amaraso) ukoresheje amazi meza, rimwe canke kabiri ku musi igihe ubishobora.
- Mesa ivyambarwa vyanduye, ukoresheje amazi n’isabuni.
- Hindura igikoresho c’isuku nk’udutambara tw’isuku, udukoresho dukozwe mw’ipampa (serviette, tissu, tampon) igihe cuzuye kugira ngo amaraso ntavemwo ngo agire ico yanduza (ibitambara vya « tampon » ni ukubihindura n’imiburiburi haciye amasaha ari hagati y’ane na munani).
- Ntugahirahire ngo ugerageze kwoza igice c’imbere mu gihimba ndangagitsina gore ukoresheje amazi, isabuni canke ikindi kintu ico arico cose.
Ibikoresho vy’isuku bisa n’ibigoye gukoresha. Ni gute notora ubwoko bw’igikoresho dukwiranye/conyorohera gukoresha kurusha ibindi?
Ntugatekerwe n’isoni. Ibikoresho vy’isuku vyama na ntaryo bitera imbere uko umwanya ugenda, kandi ntakindi bigenewe atari ukukworohereza ubuzima. Bivanye n’ibiboneka mu mangazini y’imiti canke mu kaguriro kaho uherereye, uzohitamwo mu bwoko butari buke bw’ivyo bikoresho vy’isuku: ari ibikozwe mu nkaratasi canke mu bindi nk’ipampa (serviettes hygiéniques, tampons, coupe menstruelle/tasse hygiénique), canke udutambara dukozwe mu mpuzu, ari udukoreshwa rimwe ritarenga bagaca baduta, canke ari udushobora gukoreshwa kenshi ugiye uratumesa. Urashobora gupima ubwo bwoko bwose bw’ibikoresho, ugaca uhitamwo ivyo ushimye bikubangukiye. Uranashobora no kwikora ku bwoko bwinshi wahisemwo muri ivyo bikoresho, ubukuranya ukurikije uko imihango yaje ikaze buhoro canke cane bivuye ku misi.
Ivyo wogumiza ku muzirikanyi :
- Nkuko vyama bigenda imisi yose, karaba imbere yuko uva mu kazu ka surwumwe, n’igihe uhejeje guhindura ibikoresho vy’isuku ryo mu mihango.
- Ntiwugururire amazi yo mu kazu ka surwumwe ku gikoresho c’isuku ryo mu mihango, kuko vyokwonona urufatangane rw’imigende n’imiringoti icamwo amazi yakoreshejwe mu mazu (système d'égouts). Imbere yo guta ico gikoresho mu kagunguru gatabwamwo umwanda (poubelle), banza ugitekere mu rukaratasi rukoreshwa mu tuzu twa surwumwe.
- Uko ibihe bigenda, igihe cawe c’imihango kizotangura kuza mu biringo ushobora kuba witeze kandi witeguriye, bikazotuma birushirizaho kukworohera kubikurikiza. Mukurindira wokwama wibangikanije ibikoresho vy’isuku mw’isakoshe yawe, kugira ngo ntuzazanirwe igihe imihango yoza giturumbuka.