Haba ibiki mu gihe c’ubutinyanka?
- Ikiringo c’ubutinyanka (cycle menstruel), ni iki?
- Mbega haba iki mu gihe c’ubutinyanka?
- Ikiringo c’ubutinyanka (ukwezi kw’umukenyezi aja mu butinyanka) kigizwe n’ibihe bice?
- Ni ryari vyoroshe cane kurusha gusama imbanyi ugize imibonano mpuzabitsina?
- Urubuto gore (ovule) ruguma ari ruzima igihe kingana iki hanyuma y’irekurwa ryarwo (ovulation) ?
- Igihe ata kuja mu butinyanka kwabayeho, vyo bisigura iki?
Ikiringo c’ubutinyanka (cycle menstruel), ni iki?
Ikiringo c’ubutinyanka (cycle menstruel) ku mukenyezi wese gitangurana n’umusi wa mbere wo kuja mu butinyanka kigaherana n’intango z’ubutinyanka bukurikira. Bacita ikiringo (cycle), kuko kiza kiragaruka (kiguma cisubiriza) igihe cose mu buryo bumwe.
Mu kiringo c’ubutinyanka, utuntu tw’inkabuzo (hormones) tuiri mu mumubiri turongerekana, tugasubira tukagabanuka, gurtyo tugatuma haza haraba impinduka mu mubiri
Ikiringo c’ubutinyanka gishobora kumara imisi iri hagati ya 21 na 35, ariko rero, kuri benshi mu bigeme n’abagore, igitigiri c’imisi kenshi kirahindagurika ugasanga si kimwe ku biringo vyose, kandi ugasanga si kimwe kandi uko imyaka ihinduka.
Nta muntu numwe ameze co kimwe n’uwundi, kandi iryo hindagurika ry’ikiringo cawe, ni ibintu bisanzwe cane. Igihe abigeme bagitangura kuja mu butinyanka, ikiringo cabo kirakunda guhindagurika. Barashobora kuja mu butinyanka mu kwezi kumwe, ntihagire ikiba mu gukurikira, canke ugasanga habaye ukuja mu butinyanka, baca basubira haciye indwi zibiri gusa.
Mbega haba iki mu gihe c’ubutinyanka?
- Ikiringo c’umukenyezi (cycle menstruel) gitangurana n’ubutinyanka bumara hafi imisi iri hagati y’ibiri n’indwi.
- Mu gice ca mbere c’ikiringo, akabuto gore kamwe (ovule) karatangura gukomerera mu gasaho k’imbuto gore kamwe (maturité), hanyuma agashishwa k’uruhu rwa nya gasaho (muqueuse) kagatangura kuvyimbishwa n’amaraso n’utundi duce dutoduto twavuye kuri rwa ruhu.
- Urubuto gore rumaze gukomera bikwiye, rurarekurwa na kamwe mu dusaho tw’imbuto (nivyo bita « ovulation »), rukamanukana akaringoti gatwara intanga ngore (kitwa "trompe de Fallope"), gushika mu gitereko (uterus)
- Ako kabuto gore (ovule) kadahuye n’akabuto gabo (spermatozoide), amaraso n’utunyama turi mu ntebe y’igitereko ntibiba bigikenewe, bigaca biseseka bigasohoka biciye mu gihimba ndangagitsina gore. Ivyo nivyo biba mu gihe c’ubutinyanka.
Ikiringo c’ubutinyanka (ukwezi kw’umukenyezi aja mu butinyanka) kigizwe n’ibihe bice?
Igihe c’imbere yo kurekura intanga ngore (pré-ovulation) gitangurana n’umusi wa mbere w’ubutinyanka kigaherana n’igihe intanga ngore zirekurwa (ovulation).
Mu gihe c’ubutinyanka, imbuto (intanga) gore ziri mu dusaho tw’intanga (imbuto) gore ziba ziriko zirakomera. Uko bisanzwe, hari gusa kamwe muri utwo tubuto gakomera bikwiye (maturation complete). Kamaze gukomera bikwiye, agasaho k’intanga ngore gaca kakarekura. Nico bita igihe c’irekurwa ry’intanga ngore (ovulation). Abigeme n’abagore bashobora gusama imbanyi mu gihe c’imisi itanu imbere y’irekurwa ry’intanga ngore (ovulation), n’umusi umwe hanyuma y’iryo rekurwa ry’intanga ngore.
Imisi igihe c’imbere y’irekurwa ry’intanga ngore (pré-ovulation) kimara, si imwe, irahinduka cane ku bagore (umwe wese afise rwiwe), hanyuma no ku mugore umwe umwe wese, irahindukana n’ibiringo vy’ubutinyanka (cycle menstruel) ugashobora gusanga ikiringo cose cagize igitigiri c’imisi cisangije. Ico gihe c’imbere y’irekurwa ry’intanga ngore usanga muri rusangi kimara imisi iri hagati ya 13 na 18, ariko kirashobora kuba kigufi gushika ku misi 8, canke ugasanga cabaye kirekire nko gushika ku misi 31, bivuye ku gihe ikiringo cawe c’ubutinyanka (cycle mennstruel) kingana
Igice ca kabiri c’ikiringo c’ubutinyanka, arico gihe gikurikira irekurwa ry’intanga ngore (post-ovulation), gitangura hanyuma y’irekurwa ry’intanga kigaherana n’umusi buca uja mu butinyanka bukurikira. Muri rusangi, kimara imisi iri hagati ya 10 na 15, ariko urashobora gusanga kinganye n’imisi iri hagati ya 6 na 16.
Ni ryari vyoroshe cane kurusha gusama imbanyi ugize imibonano mpuzabitsina?
Ushobora gusama imbanyi igihe cose ugize imibonano mpuzabitsina utakoresheje uburyo bwo gukinga agasamo (contraception), ariko rero cane cane abakenyezi bashobora gusama mu kiringo c’imisi 2 gushika kuri 3 hanyuma y’irekurwa ry’intanga ngore (ovulation). Rondera kumenya ibindi vyinshi ku bijanye no gukinga agasamo no gutegekanya / kugabanya imvyaro.
Urubuto gore (ovule) ruguma ari ruzima igihe kingana iki hanyuma y’irekurwa ryarwo (ovulation) ?
Ruguma ari ruzima mu kiringo c’amasaha 12 gushika kuri 24 akurikira igihe c’irekurwa ry’intanga ngore (ovulation), rukaba ariho rupfa. Rumaze gupfa, umubiri uca urukebereza mu karingoti kajana intanga (trompe de Fallope) ; rurapfa kiretse igihe rwahuye n’urubuto gabo (spermatozoide), hoho haca haba agasamo.
Igihe ata kuja mu butinyanka kwabayeho, vyo bisigura iki?
Birashobora gushika yuko utaja mu butinyanka, kandi ataco bivuyeko namba, cane cane mu myaka ya mbere y’ikiringo cawe co kuja mu mihango (cycle mensrtuel). Urashobora gukurikirana ikiringo cawe mu guharura imisi hagati y’intango y’ubutinyanka bwawe n’aho imihango ikurikira izotangurira. Niba ufise itelefone ya smartphone (telefone nyabwonko) ukaba ushobora no kuja ku mirongo ngurukanabumenyi, urashobora gukurikirana ikiringo cawe c’ubutinyanka uravye iporogarama (application) yitwa OKY.
Ibindi bishobora kugira ico bihinduye ku kiringo cawe c’imihango (co kuja mu butinyanka):
- Ukugira umutima uhagaze (stress)
- Imiti
- Uburyo bumwe bumwe bwokwikingira gusama imbanyi
- Ingaburo, cane cane ari iyituma uta ibiro (woonda) cane
- Ukwinonora imitsi birenze urugero / biruhisha cane
- Ingendo.
Igihe umwigeme yagize imibonano mpuzabitsina ata buryo yakoresheje bwo kwikingira agasamo, bishitse ntaje mu butinyanka kandi ikiringo carageze vyerekana ko ashobora kuba yibungenze.