TIps for managing period pain

Gusambura ivyo abantu benshi usanga bapfa kwiyumvira canke kwemera ku bijanye n’ukuja mu butinyanka kandi bitagira ifatiro (mythes)

Kera, ivyo kuja mu mihango/mu butinyanka vyari ikintu c’akayoberabahinga, ikinyegezwa (mystère). Nico gituma hari ibintu vynshi bitarivyo abantu bemera vyarementanijwe imbere yuko insiguro zitomoye zifatiye ku bumenyi bukwiye bw’umubiri w’umuntu ziboneka.

Reka turabe bimwe muri ivyo bintu, tugire ico tubivuzeko:

ICA MBERE MURI IVYO USANGA ABANTU BEMERA KANDI KITAGIRA IFATIRO (MYTHE) 1 :Ngo abakobwa bari mu butinyanka baba bahumanye, bari umwanda, canke mbere ni ibivume.

Nta buhumane canke umwanda biterwa n’ukuja mu butinyanka, hanyuma amaraso umukenyezi ata muri kirya gihe ni ibiva mu gihimba ndangagitsina gore ciwe, si ikimenyetso c’ivumwe. N’imikorere isanzwe kandi nkenerwa y’umubiri, ibikuvamwo navyo muri kirya kiringo, ni uruvange rw’amaraso n’utundi duce tw’umubiri ataco rwonona na gito.

ICA KABIRI : Ngo abigeme ntibokwiyoza canke ngo boge umubiri wose mu gihe bari mu butinyanka. .

Sivyo. Kwiyoza canke kwoga umubiri wose, guhindura udukoresho tw’isuku ryo mu bihe vy’imihango (nkutwo mw’ipampa canke utw’impuzu) no gukoresha uduhuzu two musi (ikaleso) dusukuye biri mu vya nkenerwa vy’isuku ribereye ryo mu gihe c’ubutinyanka.

ICA GATATU : Ngo abigeme bararwara kubera ko batakaza amaraso « menshi rwose » igihe bari mu butinyanka.

Amaraso umwigeme ari mu butinyanka atakaza si menshi gushika aho vyotuma umubiri wiwe utakaza ugasigara udakwije icunyunyu ca fer. Niwicungere, hanyuma urabe umuganga wumvise hari ikikubakiye.

ICA KANE : Ngo abigeme ntibashobora gusama mu gihe bari mu butinyanka.

Sivyo. Umwigeme arashobora gusama imbanyi agize imibonano mpuzabitsina, naho yoba ari mu butinyanka.

ICA GATANU : Ngo abigeme ntibakaje kw’ishule, ntibakaje guhimbaza Imana hamwe n’abandi bantu (culte), kandi ntibabakagendane n’abahungu mu gihe bari mu butinyanka

.

Nivyo sivyo namba. Utegerezwa kubandanya ubuzima bwawe nkuko wari usanzwe wibereyeho, igihe cose wumva umeze neza ata magara agukitse. Igikuru, ni ugukoresha vya bikoresho vy’isuku ryo mu mihango, kandi ukaja urabihindura uko bikenewe nuko bibereye.

ICA GATANDATU : Ngo ibikoresho vy’isuku bitera ukugumbaha

Sivyo. Ibikoresho vy’isuku ntamakenga bitera, kandi kenshi vyama bikenewe kugira ngo nyenekubikoresha ari mu butinyanka agume yumutse kandi asukuye.

ICA INDWI : Ngo iyo abigeme batanguye kuja mu butinyanka hakiri kare (bafise nk’imyaka 10 gusa), ivyo vyerekana bikagaragaza ko bagize imibonano mpuzabitsina

.

Sivyo. Imibiri yose ntiteye kumwe, kandi hariho umurwi wagutse w’imyaka abigeme batangurirako kuja mu butinyanka. Ushobora gutangura kuja mu butinyanka igihe ico arico cose kuva urengeje imyaka 10 gushika mu mpera z’ubuyabaga, umwigeme afise imyaka ishika 15.

Ahaheruka