Living with HIV cover.png

Ukugendana umugera wa VIH n’ibijanye n’imibonano mpuzabitsina

Abantu babana n’umugera wa VIH (bagendana umugera) banganya uburenganzira n’uwo ariwe wese mu bijanye no kugira imigenderanire myiza irangwa no gukundana no kubaho mw’iteka n’itekane biranga ubuhirwe bwa zina muntu. Ariko rero kubwira abandi bantu ko ugendana umugera wa VIH (kumenyekanisha canke kwandagaza ko ugendana umugera wa VIH), nta nkeka ko ishobora kuba intambwe ikomeye, kandi itoroshe. Ntukibagire ko ari wewe nyene ubwawe ujejwe gufata ingingo yo kwihitiramwo uwo/abo umenyesha ko ugendana umugera wa VIH, n’igihe co kubimubwira/kubibabwira. Ariko rero, aho bigoreye, nuko ahantu hatari hake, umugera wa VIH baracawinuba hamwe n’abawurrwaye canke bawugendana, bikaba bishobora gutuma muri bene kubibwirwa hari bamwe bamwe bogira ubwoba, abandi nabo bagatangura kuvuga amajambo atabereye nokugira inyifato ikumira. Mu bihugu canke mu bibanza bimwe bimwe, harashinzwe amabwirizwa ategeka abantu kumenyesha ko bagendana canke batagendana umugera wa VIH (statut VIH/statut sérologique VIH) igihe cose imbere y’imibonano mpuzabitsina (tout rapport sexuel).

Mu gihe wumva witeguriye kubivuga, ukuyagira umuntu wizigiye ukamumenyesha ko ugendana umugera wa VIH bishobora gutuma wumva yuko ushigikiwe mu buryo bukuzanira itekane mu mutima no mu mutwe (soutien emotionnel), bikaba bishobora no kuba intambwe ikomeye mu bijanye n’urukundo mbere n’imigenderanire mpuzabitsina. Ikindi gishobora kugufasha no kukugirira akamaro, ni ukuyagira umuhanuzwajambo (conseiller) canke abandi bantu bagendana umugera wa VIH—nk’akarorero uciye mu murwi wo gushigikirana w’urunganwe (groupe de soutien par les pairs).

Kubimenyesha uwo mufitaniye imigenderanire y’urukundo rugana uguhuza ibitsina (partenaire)

Gutangura imigenderanire nkiyo mishasha ntibibura kuryoha no guhahamirwa, ariko rero bishobora kuvyara ibibazo bitoroshe, nkibi bikurikira:

Ni ryari (ikihe gihe) wobwira umuntu mushasha mufitaniye imigenderanire y’urukundo rugana uguhuza ibitsina yuko ugendana umugera wa VIH?

Nta mwanya « mwiza » kurusha iyindi wo kumenyesha umuntu mushasha mufitaniye imigenderanire y’urukundo rugana uguhuza ibitsina yuko ugendana umugera wa VIH – ni ico gihe cose wewe nyene ubona ukumwa yuko bibereye. Ashobora rero guca akubaza ibibazo ku buryo wanduye uwo mugera : banza wiyumvire neza rero, urabe ivyo wokwitegurira kumumenyesha (nivyo utoshoka umumenyesha). Kenshi mbere, uko uja uratenyenya kubimumenyesha, umwanya wo kubimuyagira uguma uwigiza inyuma, niko uza urasanga ico kiyago cohava kiba amananiniza, bikakugora ingene uzobikika mu kugitangura ngo kibe (bive mu nzira).

Ico kiyago wogitangura gute?

Bishobora kuba ngirakamaro igihe wohera ku kuvuga ibijanye n’umugera wa VIH muri rusangi. Ushobora kubabaza ikibazo gituma bishura ibikwereka impengamiro n’inyifato yabo. Wobabaza nk’iki gikurikira : « Wumvise nk’umugenzi wanyu yifuza gusohokana n’umuntu agendana umugera wa VIH, mwomubwira iki ? ». Unashobora no kugira inzandiko n’udutabu tugufi canke amakuru wobaha, bakabisoma bitonze mu mwanya bishakiye, atakubihutisha.

Bazovyakira gute?

Ntivyoroshe kumenya ingene abantu banyuranye/bose bazokwakira ivyawe ubayagiye ku kugendana n’umugera wa VIH. Bamwe bazobitegera bagushigikire, abandi bazokweerekana ko batinya, mbere batekewe n’ubwoba, hakaba n’abandi rero bazoshavura. Ushobora kuyagira umuhanuzwajambo (conseiller) canke umuvuuzi/umuforoma kugira bagufashe gutegura inyishu ku bibazo ushobora kuzobazwa, canke kugira bagufashe kumenya uburyo bubereye bwo kuzokwakira inyifato abantu uzobimenyesha bazogira. Soma ibiri mu nzandiko zerekeye «Ivya nkenerwa vyose vyo kumenya ku bijanye n’umugera wa VIH » kugira ngo ukuremwo ibintu ngirakamaro ushobora kumenyesha abo uzoyagira, bikanashobora no kugufasha kumenya ingene wokwakira inyifato bazogira ubibayagiye.

Ibijanye n’imigenderanire yerekeye urukundo rugana imibonano mpuzabitsina vyo bite ?

Kuyagira ibijanye na VIH abantu mufitaniye imigenderanire nkiyo, bisigura bikerekana yuko mwese nyene uko muri babiri mwiteguriye kwemera gukora imibonano mpuzabitsina mwikingiye (mukoresheje udukingirizo). Gukoresha udukingirizo igihe cose c’imibonano mpuzabitsina bikinga kwanduzanya umugera wa VIH n’izindi ndwara zifatira mu bihimba ndangabitsina (IST), kandi kukongera kugakinga ugusama imbanyi utavyifuza canke utabitegekanije (grossesses non planifiées). Amavuriro menshi afasha mu bijanye na VIH/SIDA aratanga ku buntu udukingirizo n’ibindi bikoresho vyo gukinga ugusama imbanyi (contraceptifs). Uwo mukorana imibonano mpuzabitsina arashobora no gutegekanya gukoresha ibinini vya PrEP (prophylaxie pré exposition - PrEP, ni umuti uzibira umugera wa SIDA kugira ngo ntiwandure), ku muntu atarawandura/atawugendana (atari « séropositif »). Ntunibagire ko igihe usanzwe uri ku muti TAR wo gucuvya umugera wa VIH (traitement antirétroviral), ukaba usigaye wipimisha ugasanga ibipimo bitacerekana ko ufise umugera wa VIH (charge virale indétectable), uwo muhuza ibitsina ntiyotinya cane yuko wohava umwanduza, nico gituma wobandanya gufata imiti. Igihe woba wifuza canke utegekanya gusama ngo uronke umwana, soma ibiri mu nzandiko zo ku bijanye n’ukwibungenga (grossesse) no guha inyigisho abavyeyi bakiri bato baheruka kuronka umwana wabo wa mbere (éducation des jeunes parents).

Ahakurikira