All about HIV cover.png

Ugupima no kuvura umugera wa VIH

Ukwipimisha umugera wa VIH ni nkenerwa cane. Nibwo buryo bwonyene bwo kumenya ko wanduye uwo mugera, canke ko atawo wanduye. Igipimo cerekanye ko wanduye, ushobora guca utangura gufata umuti wo kurwanya umugera wa VIH hakiri kare, bice bituma ugumana amagara meza. Bishobora kuguteta ishavu canke umutima uhagaze, ariko birakenewe yuko umenya uko amagara yawe ameze, ni ntasubirizwa.

Ukwipimisha umugera wa VIH bigenda gute?

Ukwipimisha umugera wa VIH biranyaruka, biroroshe, kandi vyama bikorwa hafi ku buntu. Raba ku ngurukanabumenyi yuko wokwubura hafi yaho usanzwe uba aho wokwipimishiriza, canke usabe umubonano (rendez-vous) mu bitaro canke mw’ivuriro vyo mu karere kawe. .

Ibipimo vy’umugera wa VIH bikorwa kwinshi. Bashobora nko kugufata amaraso makeyi ku rutoke, canke amate makeyi mu kanwa. Ugirishije igipimo kinyaruka, inyishu ushobora kuyironka haciye iminota 20 gusa. Ku bipimo bikorwa mu bundi buryo busanzwe, ushobora kuronka inyishu haciye imisi, ariko itari myinshi. Basanze ibipimo vyerekana ko wanduye (test positif), baca bagusaba kugira ikindi gipimo co guhinyuza no kuraba ko atakwihenda kwahabaye mu gipimo ca mbere, imbere yuko utangura gufata imiti.

Ni ibintu bisanzwe cane ko wumva udatekanye mu mutima no mu mutwe imbere yo kuja kwipimisha umugera wa VIH, nico gituma ushobora kurondera umugenzi aguherekeza kugira ngo akuremeshe, tubiri tuvurana ubupfu. Ntukibagire yuko ibipimo vy’umugera wa VIH birangwa n’akabanga ntangere – nta numwe azokwigera aca n’ikanda ivyavuye mu bipimo vyawe, atari uwo woba wavyongoreye wewe nyene ubwawe. Bivuye ku myaka ufise, hari naho uzosanga ukeneye uruhusha rw’abavyeyi, abarezi canke umuvuuzi imbere yuko ushobora kwipimisha. Igihe wosanga hari ingorane iyo ariyo yose, biyagire uwusanzwe akuvura – ashobora kugufasha, muvyo ajejwe harimwo ukwishura ibibazo kuri ico cose coba kikubakiye.

Mbega none, imiti ya VIH iriho ubu ni iyihe, itangwa/ifatwa gute?

Umugera wa VIH uvurwa hakoreshejwe imiti yitrwa « antirétroviraux » (ARV) canke « thérapie antirétrovirale » (TAR). Umusabiko wa TAR utangwa, ntuvura ngo ukize umugera wa VIH, ariko ufasha kuwuhagarika no kuwufunika. Uburyo ukora, ugabanya mu maraso urugero rw’umugera (rwitwa « charge virale ») n’ubukare bijanye narwo, bigaca bifasha gukinga indwara zinyuranye zohava zibangamira umubiri. Igihe iyo miti ya TAR ikoze neza koko, irashobora kugabanya urugero rw’umugeraa mu mubiri w’umuntu (charge virale) rugasigara ruri hasi cane rwose gushika aho ibipimo vy’umugera ataco bigishobora kubona canke kwerekana. Aha niho bavuga ko umugera utakiboneka (mu gifaransa nivyo bita « indétectable »). Naho uwo muntu aba akigendana canke aguma agendana umugera wa VIH, uwo mugera uba uboshwe/ufunitswe n’imiti, bigatuma atagishobora kwanduza abandi bantu, kandi aba aramaze kabiri (bituma aramba). Igihe uwanduye umugera wa VIH adafashe imiti, uwo mugera uratabagaza ukazingamika ubudahangarwa/ubushobozi bwo kwirwanira bw’umubiri (système immunitaire de l'organisme), bikawutuma kutagishobora kurwanya indwara nimwe.

Ugutangura gufata imiti hakiri kare gutuma bene kuyifata bagumana amagara meza, nico gituma ukwipimisha umugera wa VIH bihambaye kandi mbere ari ngombwa cane. Umuntu amaze gutangura gufata imiti ya TAR (traitement antirétroviral), ategerezwa kubandanya kuyifata iminsi yose asigaranye yo kubaho, ahandi ho imiti yohava iba itagikora neza, maze nyamuntu agatangura gufatwa no gusinzikazwa n’indwara.

Hari ibintu bitari bike usanga abantu muri rusangi bapfa kwemera ku bijanye n’imiti y’umugera wa VIH, bitagira ifatiro (mythes) kandi bihambaye bishobora kugira ingaruka mbi. Nk’abavuga ngo ukugira imibonano mpuzabitsina n’umwigeme w’isugi biravura umugera wa VIH, ivyo SIVYO. Co kimwe n’ukuvuga n’ugufata imiti y’imihamurano ari iyo mw’ishamba canke iyiva ku biti vy’ibiterano.

Igishasha wize ni ikihe ? Wishuye utubazo dukurikira biragufasha kubimenya - Ivya nkenerwa vyose vyo kumenya ku bijanye n’umugera wa VIH.

Ahaheruka Ahakurikira