Ivya nkenerwa vyose vyo kumenya ku bijanye n’umugera wa VIH/sida
Mbega umugera wa VIH ni iki?
Umugera wa VIH, ni agakoko (virusi) kambura ubushobozi bw’umubiri w’umuntu bwo kurinda indwara. Uyo mugera (ako gakoko) wambura umubiri w’umuntu ubudahangarwa (système immunitaire de l'organisme), navyo bigatuma umubiri w’uwo muntu awanduye bica biza birarushirizaho na ntaryo kuwugora kwirwanira ku ndwara zose ziwutumbereye.
Mbega SIDA yo ni iki?
VIH na SIDA si kimwe, biri naho bitaniye. Igihe nyene kwandura umugera wa VIH adafashe imiti, uwo mugera urashobora kwonona ugatabagaza ubudahangarwa (système immunitaire) bw’umubiri, maze hakavamwo ukugoyagoya kw’ikirenga gutuma uwo mubiri utagishobora kurwanya indwara. Uko gutakaza ubudahangarwa bw’umubiri ku ndwara no guheraho kugoyagoya, nivyo bita SIDA, gisigura ugucika intege k’ubushobozi bwo kwikingira kw'umubiri gutuma udashobora guhangana n'indwara, canke ubwandu bunyaga umubiri ubushobozi bwo kwirwanira / ubudahangarwa ("syndrome d'immunodéficience acquise"). SIDA, ni uruhurirane rw’indwara n’ibimenyetso binyuranye vyibonekeza ku muntu bitewe n’agakoko (umugera canke virusi) ka VIH. Muri iki kiringo turimwo, abantu bafata imiti yo kurwanya umugera wa VIH carongerekanye, bikaba vyatumye igitigiri c’abantu bahitanwa n’indwara ya SIDA kigabanuka.
Umugera wa VIH wandurwa gute?
Umugera wa VIH « ntiwandurwa » nka kurya umuntu ashobora kwandura ibicurane. Umugera wa VIH wandurwa uciye mu bintu bine bitemba biturutse mu mubiri w’umuntu:
- Amaraso
- Intanga ngabo (sperme)
- Amasohoro / amazi ava mu gitsina gore (fluides vaginaux)
- Amaberebere (lait maternel)
Benshi mu bandura umugera wa VIH, bawandura mu mibonano mpuzabitsina bagira batikingiye (badakoresheje udukingirizo).
Ntabundi buryo bushoboka bwo kumenya ko umuntu yanduye umugera wa VIH atari ukuja kwipimisha. Ukubona umuntu ic’amaso ntibikwiye kugira ngo umenye ko atagendana umugera wa VIH (séropositif). Hari abantu benshi bagendana umugera wa VIH (seropositifs), ariko ugasanga ata kimenyetso (symptome) na kimwe kivyerekana, cane cane mu gihe baba basanzwe bari ku miti.
Ni gute twokwikingira umugera wa VIH?
Hari uburyo bwinshi bwo kwikingira umugera wa VIH:
- Koresha udukingirizo igihe cose co kugira imibonano mpuzabitsina.
- Ntimukigere mukoresha urushinge (aiguille, seringue) rumwe, canke igikoresho ico arico cose co gutera umuti (materiel d’injection) muri benshi canke mbere naho mwoba babiri gusa.
- Mu gihe woba usanzwe ugendana umugera wa VIH, ugufata imiti y’umugera wa VIH, bishobora gutuma utanduza abandi uwo mugera, harimwo mbere n’umwana azovuka mu gihe woba wibungenze.
- Mu bibanza bimwe bimwe, hariho imiti ya VIH ishobora gufatwa imbere canke hanyuma y’imibonano mpuzabitsina, igatuma abantu bikingira kwandura uwo mugera. Iyo miti, ni ibinini vyitwa PrEP (impfunyapfunyo ya « prophylaxie pré-exposition », arivyo binini bifatwa imbere yo kugira imibonano mpuzabitsina bigakinga ukwandura umugera wa VIH) na PEP (gisigura « prophylaxie post-exposition », ariwo muti bafata hanyuma y’imibonano mpuzabitsina ukica umugera wa VIH ku wawanduye muri ico gihe c’imibonano atari asanzwe awufise).
Kugira umenye ibindi vyinshi kurusha, soma ibiri muri izi nzandiko zikurikira: