Agakino ku bijanye n'umugera wa VIH n'amagara yo mu mutwe

Marikorume agendana umugera wa VIH kuva akiri uruyoya. Ku myaka cumi n’itatu, aca aja kwiga mw’ishure ry'indaro. Ategerezwa kunyegeza imiti y’umugera wa VIH kugira abagenzi biwe ntibamenye ko arwaye umugera utera SIDA. Gufata ibinini vyiwe mu myanya imwe imwe vyaramugoye rwose kandi ntashaka gusiba ikintu na kimwe c’abagenzi biwe, aca atangura gusiba kunywa imiti. Mu misi mike, aca atangura kwumva arwaye ariko aca agerageza kuvyirengagiza.

Marikorume yokora iki ?

Hitamwo kimwe

Genda ku rupapuro rwa mbere