Anxiety and phobias.png

Umugera VIH n'amagara yo mu mutwe

Umuntu wese yitwara ugutandukanye n’uwundi/n’abandi iyo amenye ko agendana umugera utera SIDA. Abantu benshi bumva bahangayitse, bumiwe, bababaye canke bashavuye. Kuganira n’urundi rwaruka rugendana umugera utera SIDA birashobora gufasha rwose. Ibitaro n’amashirahamwe menshi arwanya umugera utera SIDA barategura amakoraniro y’ugushigikirana kugira abagendana umugera VIH bahure, baganire bongere bahanurane.Hariho n’amakoraniro ku mbuga ngurukanabumenyi nimba ubishaka.

Haracariho ugukumirwa kwinshi ku bijanye n’umugera VIH. Ukwo abandi bifata babimenye birashobora kugira ingaruka ku buryo dushobora guhangana n’ingorane z’ubuzima kandi bikagira ingaruka ku magara yo mu mutwe. Iyo amagara yacu yo mu mutwe atameze neza, turashobora kwumva dufise uruhagarara mu mutima, duhagaritse umutima, canke tukanahahamuka (dépression). Birahambaye ko ushigikirwa nimba ufise ingorane y’amagara yo mu mutwe. Iyo amagara yo mu mutwe atitaweho bishobora kugira ingaruka mbi ku buvuzi bwawe bw’umugera wa VIH (traitement du VIH) kandi bigatuma ushobora kurwara izindi ngwara.

Ibintu ushobora gukora kugirango ucungere/ubungabunge amagara yawe yo mu mutwe

  • Ganirira ibikubabaje umugenzi wawe canke uwo mupfana ikintu mu muryango wawe
  • Injira mu murwi w’ugushigikirana w’abagendana umugera VIH
  • Fungura neza
  • Fata akayaga keza n’imyimenyerezo yo kwinonora imitsi
  • Sinzira amasaha akwiye
  • Kora ibintu ukunda kandi bigufasha kuruhuka, nko kwinonora imitsi n’ibikuryohera
  • Irinde inzoga n'ibiyayuramutwe
  • Mara umwanya hamwe n’abandi

Ibimenyetso vy’ibanze vyo kurabirako no gucungera

Hari igihe twumva tubabaye kandi n’ibisanzwe rwose. Ibibazo vy’amagara yo mu mutwe bigira ingaruka zitandukanye ku bantu ariko mu bimenyetso bikunda kugaragara vyo kurabirako harimwo:

  • Umubabaro canke amarira
  • Kunanirwa gushiramwo inguvu canke kwihambirira ku kintu kimwe gushika kive mu nzira (manqude de concentration) canke kwibuka ibintu bigoranye
  • Kwumva uhangayitse bidasanzwe canke ufise uruhagarara mu mutima canke ufise ivyiyumviro vyinshi bibi
  • Kwumva ushobora kugerageza kwigirira nabi canke kwibabaza
  • Gushikirwa n’ihindagurika ridasanzwe ry’ukuntu wiyumva (changement d’humeurs extrême de hauts et de bas)
  • Kudashaka gusohoka no kwitandukanya n'abagenzi n'ibikorwa ukunda
  • Kwumva urushe canke ufise ingorane zo gusinzira
  • Guhindura mu buryo ufungura , ugafungura vyinshi canke bike ugereranije n’uko wari usanzwe ufungura

Gufashwa

Nimba ufise kimwe muri ivyo bimenyetso mu kiringo kirenga indwi kandi ukumva hari ikintu kitagenda neza, n’umwanya wo kurondera abagufasha. Vugana n’umuforoma wawe canke umuhanuzi wawe ku bikubabaje n’ibibazo ufise.

Ahakurikira