Akarorero k'abavyeyi bakiri urwaruka
Ani yibarutse umukobwa haheze amezi 3. Abana n'umugabo wiwe i wabo w’ abavyeyi b’umugabo wiwe. Ani yamye afise irungu ryinshi cane kandi ababaye kuko nta mfashanyo ivuye mu muryango wiwe yigeze aronka. Kandi inabukwe yama amwagiriza kandi akamutuka ko atavyara abahungu kandi agasuzugura ikintu cose akoze. Yamye yonsa umwana wiwe ariko inabukwe akavuga ko amaberebere yiwe ata nguvu afise ko yatangura kumuhera amata mu nkongoro kugira agire amagara meza. Umugabo wa Ani aca abwira Ani ko yomwihoza na rirya ata kazi asanzwe yifitiye canke amafaranga kandi babeshejweho n’ imfashanyo y’ umuryamgo. Ani arababaye kandi arafise ubwoba bwo gusigara wenyene hamwe na inabukwe, ariko ntashaka gukwegera ingorane umugabo wiwe.