kuba umuvyeyi yibarutse umwana wa mbere (ukiri urwaruka)
Kuvyara ukongera ukaba umuvyeyi bihindura ubuzima. Ivyo birashobora kuzana umunezero mwinshi, ariko birashobora kukurengera mbere ukumva ko uri mw’irungu rimwe na rimwe.
Rimwe na rimwe, abavyeyi bakiri bato bararenganywa kandi bagakumirwa, naho boba bakora akazi neza. Urashobora kubona kw’ abantu batagufitiye icizere ko wofata ingingo zibereye zerekeye umwana wawe. Guhura n’abandi bavyeyi bakiri bato no kugira uwo muganira birashobora kugufasha.
Ibigumbagumba vyawe
Abantu benshi barakunda urukundo rwinshi abana babo, abandi nabo barakora ibishoboka kugira bubake ubucuti canke ntibashobora guhangana navyo.
Ntivyoroshe kuba uri i muhira n’ uruyoya ruriko rurarira. Nimba kurira kw’uruyoya rwawe rugutuma wumva ko urengewe canke ugize ishavu:
- Mushire mu kibanza kirimwo umutekano ukwiye hanyuma ugende mu kindi cumba umareyo iminota 10 kugira ushobore gutekana.
- Nimba uku arikwo wiyumva , bwira uwo mukorana, umugenzi, canke umuntu akora mu vy’amagara y’ abantu ubwo nyene kugira bagufashe kuronka ubufasha woba ukeneye.
- Nimba wumvise umwana wawe arira ibirengeye ibimenyerewe, canke nimba afise ikindi kimenyetso , vugana na muganga wawe igihe uwo mwana yoba atamerewe neza.
Akabonge k’ inyuma y'ukwibaruka ni ubwoko bw’ akabonge abavyeyi benshi- n’abagabo barimwo-bagira bamaze kuronka ikibondo.
Ibimenyetso vyo kwihweza ni :
- Umubabaro ushishikara, harimwo no kwumva umerewe nabi ,
- Kutanezerwa, gutakaza gukunda ibintu muri rusangi
- Kubura inguvu
- Gusinzira bigoranye mw’ ijoro, kwisinzirirako ku murango.
- Biragorana kwubaka ubucuti n’ ikibondo cawe
- Guheba guhura no kuyaga n’ abandi bantu.
- Biramugora gushira umutima ku gikorwa no gufata ingingo
- Ivyiyumviro biteye ubwoba- Nk’ akarorero, ku bijanye no kwanka canke gukomeretsa umwana wawe.
Akabonge inyuma yo kuvyara ni ibintu bigenda birakura buhorobuhoro kandi abantu kenshi ntibabibona bikamara igihe kinini kandi bikamara imyaka myinshi. Ubonye ufise ibi bimenyetso uce ugerageza urondere umuntu.
Imigenderanire yawe
Kwitaho ikibondo birashobora kuremera n’imigenderanire ya mbere ikomeye. Abagore benshi birabananiza bakisanga basigaranye umwanya muto cane n’ inguvu vyo gukora ikindi kintu kitari kwitwararika umwana wabo. Abagabo bamwe bamwe barashobora kwumva bababajwe n’ ukwo umugenzi wabo umenga nta mwanya canke kuryoherwa hamwe nabo akibafitiye. Mwese muganire ukwo mwumva mumerewe hanyuma murondere ukwo mwomarana umwanya mwiza muri kumwe , nubwo uwo mwana mushasha yinjiyemwo.
Kurera birashobora kuguma iyo ufise ivyiyumviro bitandukanye ku bijanye no kurera umwana, na cane cane iyo mubana n’ abavyeyi banyu canke na ba sobukwe/nyokobukwe kuko bashobora kwifata nk’abantu babifisemwo ubuhinga. Gerageza ubashiremwo mu buryo bidatera ingorane ariko werekane neza kw’ ari wewe ufata ingingo mu kuntu abana bawe barerwa.
Kuronka uwugushigikira/ uwugufasha
Gerageza ushikire abantu bo mu muryango bizewe canke muhure n’abandi bavyeyi bakiri bato. Ibi bizogufasha kwumva ko utari inyakamwe.