Imyimenyerezo yo guhema

Guhagarika umutima no gushavura ni ibintu bishika mu buzima. Kumenya gutekana mu gihe tugize ubwoba, duhagaritse umutima, dufise uruhagarara, canke duhagaritse umutima (nervosité) n’ubushobozi bwiza mu buzima. Hariho inzira nyinshi zo gutekana no kuruhuka. Bumwe mu buryo bworoshe, bunyaruka ni uguhema ushikana.

Self-care.png

Guhema ushikana ni ubuhinga bwiza bwo kugabanya ibishobisho vy’ishavu, uruhagarara no guhagarika umutima. Guhema buhoro biruhura umubiri, bidufasha kwumva dutekanye kandi dushobora guhangana. Nimba wumva ibigumbagumba vyawe bitanguye kuja hejuru, gerageza uru rukurikirane rw’imyimenyerezo yo guhema kugira ngo igufashe gutekana. Guhema ukurikije izo ntambwe biri mu bice bine:

  1. Injiza impwemu,
  2. Fata/gumya impwemu,
  3. Sohora impwemu,
  4. Fata/gumya impwemu.

Igice kimwe cose kimara amasegonda ane. Kurikira hano :

Itegure

Harura gushika kuri cumi ushize umutima ku gikorwa uriko urakora (concentration).

Raba ukwo wicara ushikane amaguru hasi canke ugarame.

Shira amaboko yawe ku nda hanyuma ufunge iminwa

Intambwe ya 1 – Injiza impwemu

Hemera mu mazuru yawe uharura gushika kuri kane. Gerageza gukwega impwemu uzivana mu nda, aho amaboko yawe ari. Nimba udashobora guhema neza ukoresheje amazuru, urashobora guhemera mu kanwa !

1....

2....

3....

4....

Intambwe ya 2 – Fata/gumya impwemu

Fata/gumya impwemu ukoresheje amahaha, uce uharura gushika kuri kane

1....

2....

3....

4....

Intambwe ya 3 – Rekura impwemu buhorobuhoro

Rekura impwemu buhorobuhoro uharura gushika kuri kane

1....

2....

3....

4....

Intambwe ya 4 – Fata/gumya impwemu

Niwongere ufate/ugumye impwemu ukoresheje amahaha yawe uce uharura gushika kuri kane

1....

2....

3....

4....

Niwongere utangure ku ntambwe ya 1 usubiremwo

Injiza impwemu kandi, usubire gutangurira ku ntambwe ya 1 uharuye gushika kuri kane. Subiramwo kino gikorwa kugeza ugikoze mu munota umwe.

Ugara amaso

Hanyuma wihe igicapo ca wewe nyene utekanye. Umubiri wawe ubone kuruhuka.

Impanuro:

  • Ntuharure unyarutsa! Nimba guharura gushika kuri kane bikugoye, gerageza utangure gushika kuri gatatu.
  • Raba uko amaboko yawe ari ku nda aduga yongera amanuka ukwo uhema - ibi bikwereka ko uriko ubikora neza.
  • Wubake kwihangana kugira ngo ukore uyu mwimenyerezo wo guhema umwanya ungana n’umunota.
  • Ubikore mu gihe udafise uruhagarara, kugira ngo ubushobozi bwo gukora ibintu bube buhari mu gihe bukenewe
  • Wumva umerewe nabi, niwibwire uti: "Niga kwihangana iyo numva meze nabi kugira nshobore kugira inguvu zo guhangana n'ibibazo bigoye, ndishimiye uwondi." Hanyuma ukoresha uburyo bwawe bwo guhema kugira ngo ushobore kwiganza no kuganza ibigumbagumba vyawe.
Ahakurikira