Ukugira uruhagarara

Ukugira uruhagarara mu mutima ni ikintu gisanzwe kitaranga indwara igihe twiyumviriye ko hari akaga, ikibazo, iterabwoba canke ikintu kibishe mu buzima kigomba gushika. Iyo duhungabanye mu mutima, usanga umutima n’umubiri vyitabiriye mu bigumbagumba no mu kame k’umubiri. Nk’akarorero, dushobora kwumva dushitse kw’iherezo ry’ukwihangana, turanze imitsi, , dufise ubwoba burimwo no guhinda umushitsi. Mu mubiri, duhema n’indihaguzi y’umutima wiruka kurusha uko twahora, kandi dushobora guca tubira icuya no guca turanda imitsi.

Guhungabana ku mutima gusanzwe gushikira abakiri bato igihe bahanganye n’impinduka nyinshi,muvyo bahura navyo no mu buryo bwa misi yose no mu vyo bahangana navyo. Ibintu birashobora kuba ibisa n’ibihungabana cane, kandi rimwe na rimwe ukumva ko bidashoboka ko bigundwa ngo biganzwe. Kwumva ko uhungabanye mu mutima rero ni ibisanzwe.

Gusa uguhungubana ku mutima kuba ingorane canke ingwara yo mu mutwe igihe gushitse hatabaye iterabwoba canke akaga bigaragara. Birashoboka kandi ko kuba ingorane igihe inyishu utanze kuri iryo hungabana ikugota ikakubuza kuba ugihangana n’ibigushikako vyo mu buzima bwa misi yose.

Igihe ata mfashanyo aronse, umuntu ashobora “gufatwa n’ubwoba bwinshi” mu gihe ibimenyetso vyo ku mubiri vyo guhungabana bibonetse ku mvo zitamenyekanye. Ibi bimenyetso ni ndenzarugero kandi bishobora kuba nk’umutima utera indihaguzi, gusemagirika, kuzungurirwa, kugwa igikanyira/kutikonya,, canke ukumva iminzerere n’utumeze nk’ibicuro vyinshi mu mubiri. Iyo ivyo bibaye, umuntu ashobora kwiyumvira ko agira afatwe n’umutima, canke mbere ko agira apfe. Naho biteye ubwoba, ubwo bwoba biguteye ntibuzotuma upfa.

Inama ugiriwe zo guhangana n’ihungabana ry’umutima

Mu gihe muhuye n’ihungabanywa ry’umutima, ikintu ca mbere co gukora ni gutahura ibiriko birashika no kumenya ko ari ibisanzwe ko umuntu yumva ko ahungabanye mu mutima rimwe na rimwe. Ukugira ubwoba, bizotuma ahubwo umutima wawe urushirizaho guhungabana ! Urashobora kandi :

  • Reka umuntu wizeye amenye uko wiyumva kandi ugerageze gutora igituma wiyumva nkuko - Ni ibiki biguhanamiye canke bituma ugira umutima uhagaze? Gerageza ubivuge, ubihe amazina vyose, naho vyoba ari bito canke ataco bimaze
  • Gerageza ukore ibikorwa bimwe bimwe bizogufasha kuruhura umutwe n’umubiri, imyimenyerezo yoroshe ni myiza, canke gukora ikintu ukunda. Kuririmba n’ijwi rirenga wifashisha umuziki ukunda n’igikorwa ciza rwose.
  • Iga kandi ushire mu ngiro umwimenyerezo wo guhema ugashikana
  • Ntukirinde rwose gukora ibintu bigutera ubwoba canke biguhangayikisha ariko rondera imfashanyo kuri vyo iturutse ku muntu munaka wizeye kandi uhere ku ntambwe nto. Tangurira ku mahangiro matomato, hanyuma usotere uja ku bintu bigoye gusumba igihe uzoba umaze kmara amahangiro ya mbere
  • Wibuke kumenya kugerageza kurengera ihungabana ryawe, nubwo woba watsinze igice gusa. Ibuka ko bigoye guhangana n'ubwoba!
  • Gumana ku muzirikanyi yuko hari iyindi miyabaga myinshi nayo ishobora kuba bishika ikagira ihungabana, kandi ko ari ibisanzwe guca mu marangamutima atandukanye. Mu vyukuri, ibi ni igice cerekana ko habaye gukura. , kwiga guhangana nibi bibazo kandi ni inzira yo gushika ku rugero rw’abakuze (kuva mu bwana).
  • Mu gihe uguhungabana kubaye indengarugero, rondera imfashanyo (ubufasha) ku muhanuzi wo kw’ishure ryawe, muganga yaminuje, canke ku murongo wa telephone wabigenewe.
Ahaheruka