Common mental health questions.png

Akabonge

Ni ibisanzwe ko abakiri bato bumva ko bagize umubabaro canke ko bagize impindagurika zúko bameze mu mutima. Iyi myaka ni imyaka irimwo ivyo duhanganye vyinshi. Kenshi wisanga uri hagati yo kuba uri umusaza akwije imyaka yo kuba atakinezerererwa ibikorwa wahora ukora, no kuba ukiri muto cane wo gukora ibintu ushaka. Ibintu vyose biriko birahindagurika.

Akabonge mu bakiri bato karashobora kugorana kuboneka ku muntu. Umuntu yagize akabonge ashobora :

  • Kwumva wijiriwe, worira, ushavuzwa n’akantu naho koba gato
  • Kwumva mu mutwe umengo “haragaragara” canke “haremerewe”, navyo bikaba kenshi bikunze kwibonekeza cane cane mu gitondo
  • Kwumva atakinezererewe ibintu kera vyamunezereza
  • Gukunda gutwarwa n’ishavu atakiboneka rivuyeko
  • Kwumva ataco bamaze canke ko bakishirako amakosa ugasanga bisiba bonyene. Usanga bavuga ibintu nkibi: “Ibi ni amakosa yanje”, canke ngo “Ntaco maze”
  • Guhagarika kugendera abagenzi
  • Baguma bumva bafise ivyiyumviro bicuritse bitabavako, harimwo ivyiyumviro vyo kwigirira nabi canke kwiyahura.. Bashobora kwiyumvira canke kuvuga ibintu nkibi: “Ubuzima ntaco bumaze, simbona ico tubereyeho”. canke ngo “ Ibi sinzosubira kubikora” (ntibizosubira kumbona)

Akabonge gashobora gutuma umubiri ugira ibimenyetso vy’ingwara nka :

  • Uburuhe, ugukenyukirwa no kutagira ico bijukiye/bakerebukira (ishaka rike muri vyose)
  • Impinduka mu kayabagu no mu buremere bw’umubiri wiwe
  • Ingorane zo mu mubiri zitumvikana canke zidasobanutse-akarorero, kuribwa umushishito, no kumeneka umutwe
  • Ingorane zo gusinzira- akarorero, ingorane zo kuronka canke kuguma mw’itiro

Abantu bafise ingorane y'akabonge kenshi bagira ikibazo co gushira umutima kuco bariko barakora, zo gukora amahitamwo, zo gutorera inyishu ingorane, canke kwibuka ivyo babwiwe

Kugira ngo umenye ko umuntu yagize akabonge , kenshi ukenera kubonana n’umunyamwuga w’umuhinga yavyigiye.

Ahakurikira